Worldwork 2014

UBUMENYI MURI POLITIKE N’IHINDAGURIKA RY’ISI
Inyishu nshasha: Dufatiye kuri kahise no kuri kazoza

Igikorane ca Worldwork 2014 kizobera muri Varsovie, igisagara cahungabanijwe muri kahise ubu kikaba gitotahaye.

Iki gisagara caratabagaye mu nyuma kirasubira kwiyubura. Iki gisagara carabonye amakuba atandukanye atewe n’igisirikare ca Pologne co mu kinyegero. Imigwi y’abanyislaeli ,abantu, akaranga -vyarazimanganijwe. Varsovie yarasambuwe n’ibi bombe mu 1944, mu nyuma irasubira irubakwa. Iki gisagara kiribuka kahise k’aba cummuniste,n’ibihe vy’iterabwoba no kwihebura,kandi caragerageje gutunganiriza abantu bifatiye ku buntu atari ku vy’ubutunzi gusa.

Ubu kikaba kuri mu bisagra biriko biratera imbere mu buraya bwo hagati, N’inyubakwa zigezweho mw’iterambere ry’ubu, ku buryo bwihuta bigatuma haba n’ivyizigiro vy’inshi. Ariko rero ntivyoroshe kuko abantu baracafise ingorane zitandukanye.

Nkuko Marx abivuga,Ubumenyi bwamye bufatiye kuri Politike: Ku mvo zifatiye kukungene politike y’ubutunzi yifashe. Imyaka 150 inyuma ya Marx turabona ivyiza n’ibibi vya capitalisme. Biraboneka na cane cane hano aho ibisigarira vya communisme binywana n’ibihe vya none mu buzima bwa minsi yose. Igwirirana ry’amacakubiri afatiye ku maronko riri mu mvo nyamukuru zitera icyuka kibi hagati y’abantu, imigwi, ibihugu n’amakungu. Ubushomeri, uburyamo budakwiye, ibitaro , amavuriro n’abaganga badakwiye, uruja n’uruza rw’abantu, utwo ni uturorero gusa mu ngorane zindi nyinshi zitandukanye mu buzima bwa minsi yose.

Ariko rero, ubumenyi bushasha buriko buravuka: Ubumenyi bw’ihumure, ivyigwa ngoraramutima, imihari mishasha mu Bantu nk’izo muri Espagne n’iyindi myiyerekano yose izana ubushobozi bushasha.

Mu gikorane ca Worldwork 2014 twifuza kwubaka ikiraro kiva muri kahise kija muri kazoza. Ku Bantu benshi, kuza muri Varsovie ni nko kwiyemeza kahise kabo.Twifuza kwubaka urubuga rw’inkuru zacu zitandukanye ariko zikaba zifitaniye isano n’imvo zimwe. Turemera y’uko kwubaka imigenderanire ifatiye kuri kahise kacu bizodufasha kubona aho tugeze nogutorera umuti ingorane dufise muri iki gihe. Mbere tukunguka n’ubundi bushobozi bwo muri kazoza.

Twifuza ko iki gikorane ca Worldwork cotubera urubuga rwo gusasira kahise tukakemera. Twifuza kugenzura amacakubiri afatiye ku maronko. Mbere tugakorera hamwe kugirango dushike ku ngingo nshasha kw’isi yose no mu ducimbiri iwacu.